Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 18:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Nukw abo bantu ba Sauli babarira Dawidi ayo majambo; Dawidi arabishura, ati Mugira ngo biroroshe kuba umukwe w’umwami, nanje nd’ umworo w’inkēngērwa?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 18:23
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Yakobo akora imyaka ndwi kugira ngw ahabge Rakeli; imuhindukira nk’imisi mikeya, kubg’ urukundo amukunda.


Inkwano mwoncira n’ingabire mwonsaba, uko biribungane kwose, ndabibaha uko mubinyatse: ariko mumpe uwo mwigeme.


Nd’ uwo hasi, ndagayitse, Ariko sinibagira amateka washinze.


Umworo arankwa gushitsa no ku mubanyi, Arik’ umutunzi agira abakunzi benshi.


Umuntu abgira mugenzi we amagambo y’agahemano Aba amuteze ururiba mu nzira.


Murābe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana; kandi ni ko turi. Ni co gituma ab’ isi batatuzi, kuko batayimenye.


Ariko Dawidi abarira Sauli, ati Mbega jewe, n’inda n’ indēsho, n’umuryango wacu, n’ inzu ya data ukw iri mu Bisirayeli, noba umukwe w’umwami?


Nuko Sauli abarira abantu biwe, ati Ni muje kuyāga na Dawidi mu mpisho, mumubarire, mut’ Umve, umwami aragushima, kandi n’ abantu biwe bose baragukunda; muti None rer’ ukwiye kuba umukwe w’umwami.


Hanyuma abo bantu ba Sauli baramubarira, bati Dawidi yavuze artya n’artya.


Maze Sauli aramwishura, ati Mbega sind’ Umubenyamini, ari wo muryango mutoya hanyuma y’iyindi yo mu Bisirayeli? Kand’ inzu yacu si yo ntoya hanyuma y’ayandi mazu yose yo mu Babenyamini? None n’iki gitumye umbarira ben’ ivyo?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ