21 Aravuga, ati Nzomumuha, amubere umutego, agwe ku Bafilisitiya. Ni co catumye Sauli abarira Dawidi ubugira kabiri, at’ Uyu musi ubaye umukwe wanje.
Kand’ abahama ubugingo bganje bantega imitego; Abandonderera ivyago bavuga ivyo kunyigamba, Biyumvira ivy’ ubugunge umusi ukīra.
Maz’ abantu ba Farawo baramubaza, bati Mbeg’ uriya azogeza ryari kutubera icago? Reka abo bantu bagende, baje gusaba Uhoraho Imana yabo: aho nturabona ko Egiputa hapfuye?
Umuntu abgira mugenzi we amagambo y’agahemano Aba amuteze ururiba mu nzira.
Muti Kuko mu bantu biwe habonekamw’ abantu b’abanyakibi: baratega nk’ukw abatezi b’inyoni batega; batega umutego, bagafata abantu.
Ururimi rwabo n’umwampi wica; ruvuga ibinyoma; umuntu wese avugana n’umubanyi wiwe ivy’ amahoro mu kanwa kiwe, ariko mu mutima wiwe aba amuryamiye.
Bukeye Sauli abarira Dawidi, ati Nguyo umukobga wanje mukuru Merabu, nzomuguha; ariko rero, uz’ ube umuhizi wo kundwanira, urwane intambara z’Uhoraho. Kuko Sauli yavuga, ati Yoye kuzongwako, arikw az’ agwe ku Bafilisitiya.
Nuko Sauli abarira abantu biwe, ati Ni muje kuyāga na Dawidi mu mpisho, mumubarire, mut’ Umve, umwami aragushima, kandi n’ abantu biwe bose baragukunda; muti None rer’ ukwiye kuba umukwe w’umwami.
Nukw abo bantu biwe bamaze kubarira Dawidi ayo majambo, Dawidi aca ashima kuba umukwe w’umwami.