18 Ariko Dawidi abarira Sauli, ati Mbega jewe, n’inda n’ indēsho, n’umuryango wacu, n’ inzu ya data ukw iri mu Bisirayeli, noba umukwe w’umwami?
Maz’ umwami Dawidi arinjira, yicara imbere y’Uhoraho, aravuga, ati Mwami Uhoraho, mbega jewe n’inda n’indesho, n’inzu yanje, nar’ iki, kubona wagiye unzigama gushitsa n’ubu?
na Ahimasi yatoza ivy’ Abanafutali, yari yarongoye Basemati umukobga wa Salomo;
Mose yishura Imana, ati Mbega ubona nd’ iki, guhangara kuja kwa Farawo, no gukūra Abisirayeli muri Egiputa?
Ukwubaha Uhoraho kwigisha ubgenge, Kand’ ukwicisha bugufi kwitangira imbere y’ukwubahwa.
Uwishira hejuru mu mutima, agatikizo azogasanga imbere, Kand’ ukwicisha bugufi kuzosanga imbere icubahiro.
Maze ndavuga, nti Yō, erega Mwami Uhoraho, sinzi kuvuga, kuko nkiri muto.
Yicisha bugufi, arūnama ashika hasi, aramubaza, ati N’iki gitumye ungirira ubuntu, ukambabara, kandi nd’ umunyamahanga?
Nukw abo bantu ba Sauli babarira Dawidi ayo majambo; Dawidi arabishura, ati Mugira ngo biroroshe kuba umukwe w’umwami, nanje nd’ umworo w’inkēngērwa?
Maze Sauli aramwishura, ati Mbega sind’ Umubenyamini, ari wo muryango mutoya hanyuma y’iyindi yo mu Bisirayeli? Kand’ inzu yacu si yo ntoya hanyuma y’ayandi mazu yose yo mu Babenyamini? None n’iki gitumye umbarira ben’ ivyo?