Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 18:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Bukeye Sauli abarira Dawidi, ati Nguyo umukobga wanje mukuru Merabu, nzomuguha; ariko rero, uz’ ube umuhizi wo kundwanira, urwane intambara z’Uhoraho. Kuko Sauli yavuga, ati Yoye kuzongwako, arikw az’ agwe ku Bafilisitiya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 18:17
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yandika mur’ ico cete, ati Muherereze Uriya imbere ah’ urugamba rukaze, muheze mwīgire inyuma mumute, kugira ngo bamutere apfe.


N’iki catumye ukēngēra ijambo ryanje jewe Uhoraho, ugakora ivyo mbona kw ari bibi, ukicisha inkota Uriya Umuheti, ugacūra umugore wiwe ukamugira rwawe, na we Uriya ukamwicisha inkota y’Abamoni?


Maz’ isandugu y’Uhoraho igitamaje ku murwa wa Dawidi, Mikali umukobga wa Sauli arungurukira mw idirisha, abona umwami Dawidi yitera hejuru, yiyerekera imbere y’Uhoraho; amugayira mu mutima.


Bose barabeshana, umuntu wese na mugenzi we: Bavugisha iminwa ihemana n’imitima ibiri.


Akanwa kiwe kanyerera nk’ amavuta, Arik’ umutima wiwe warimw’ intambara gusa; Amagambo yiwe yaremba kurusha amavuta ya elayo, Ariko yar’ inkota zisokowe.


Uwankana atuma iminwa yiwe ihendana, Kand’ abīka uburyarya imbere muri we.


Ni yagira imvugo nziza, ntuz’ umwemere, Kuko mu mutima wiwe harimw’ ibizira ndwi.


Nah’ inzigo yiwe yokwipfukapfukisha ubugunge, Ukugabitanya kwiwe kuzokwerekanirwa imbere y’ ishengero.


Ni co gituma vyaravuzwe mu gitabo c’Intambara z’Uhoraho, ngo Vahebu h’i Sufa, Bo n’imyonga yo kuri Arunoni,


Mose arabishura, ati Ni mwakora murtyo, mugahitana ibirwanishwa mukaja mu ntambara imbere y’Uhoraho,


ariko twebge abasavyi bawe tuzojabuka, twitwaje ibirwanishwa vy’intambara uko tungana, tuje mu rugamba imbere y’Uhoraho, nk’uk’ uvuze, mugenzi.


arababarira, at’ Abagadi n’ Abareyubeni ni bajabukana namwe Yorodani, bitwaje ibirwanishwa vy’intambara imbere y’Uhoraho, igihugu mukagitsinda; nuko muze mubahe igihugu c’i Gileyadi kw ishamvu.


Amaboko y’abamwagīrīje az’ abe ari yo atangura kumwica, maze habone gukurikirako n’ abandi bantu bose. Ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.


Abahungu ba Sauli bāri Yonatani na Ishivi na Malikishuwa, kand’ abakobga biwe bompi, umukuru yari Merabu, umutoyi yari Mikali.


Abisirayeli baravuga, bati Ntimubona uriya mugabo adūze? Adūganywe no gucōkōra Abisirayeli, nta kindi. Umuntu yomwica, umwami azomugororera vyinshi, kand’ azomushingira umwana wiwe, akūre n’inzu ya se kw ikori mu Bisirayeli.


Non’ umusavyi wawe ko namaze kwica intambge n’idubu, n’uwo Mufilisitiya w’intakebga azopfa nka kimwe muri vyo, kuko yacōkōye ingabo z’Imana nzima.


kand’ iri koraniro ryose rimenye yuk’ Uhoraho adakirisha inkota cank’ icumu, kukw intambara ar’ iy’ Uhoraho, kandi ni we agira abagabure mu maboko yacu.


Aravuga, ati Nzomumuha, amubere umutego, agwe ku Bafilisitiya. Ni co catumye Sauli abarira Dawidi ubugira kabiri, at’ Uyu musi ubaye umukwe wanje.


Maze Sauli arababarira, ati Muze mubarire Dawidi, muti Ntagomba inkwano; mut’ Ico agomba n’ubugabo ijana uzoshāhura Abafilisitiya, kugira ngo yīhōre abansi biwe. Ariko Sauli yagira ngw akororere Dawidi mu maboko y’Abafilisitiya.


Igihe gishinzwe kitaragera, Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, yica mu Bafilisitiya abagabo amajana abiri; nuko Dawidi atabarukana ubugabo bgabo, babushikiriza umwami ukw igitigiri cabgo kingana, kugira ngo Dawidi abone kuba umukwe w’umwami. Nuko Sauli amushingira umukobga wiwe Mikali.


Ndakwinginze, mpangaza jewe umuja wawe, umparire igicumuro canje: Uhoraho ntazobura guha inzu yawe kurama, kuk’ urwana intambara z’Uhoraho, mugenzi, kandi nta kibi kizokubonekako imisi yose uzoba uriho.


Maze Dawidi ashitse i Sikulagi, arungikira abakunzi biwe b’ abashingantahe b’i Buyuda ku minyago, ati Ngivyo ivyo mbagabiye bivuye ku minyago y’abansi b’ Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ