Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 18:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Arikw Abisirayeli n’Abayuda bose bākunda Dawidi, kuko yatabarana na bo amaja n’amaza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 18:16
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi mu bihe vya kera, hamwe Sauli yar’ umwami wacu, ni wewe wajana Abisirayeli gutabara, mugatabarukana. Kand’ Uhoraho yarakubgiye kw ari wewe uzoragira abantu biwe b’ Abisirayeli, kandi k’uzoba segaba wabo.


Nuko none, Uhoraho Mana yanje, jewe umusavyi wawe wanyimitse mu gishingo ca data Dawidi, naho nkir’ umwana muto gusa; sinzi iyo bija n’iyo biva.


Kuk’ uwo Muyuda Moridekayi, uwar’ amurengeye yar’ umwami Ahasuwerusi gusa, kandi yar’ agahambaye mu Bayuda, yashimwa n’ab’i wabo uko bangana; kandi yama yendeza ubgoko bgabo ivyiza, akavuga ibihesha uruvyaro rwabo amahoro.


wo kubaja imbere amaja n’ amaza, abaturutsa akabacūra: kugira ngw ishengero ryawe, Uhoraho, ryoye kumera nk’intama zitagira umwungere.


babura uko bamugira; kukw abantu bose bāri bamumaseko, bamwumva.


Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’abaherezi bakuru ako kanya barondera ingene bomushōrerakw amaboko, ariko batinya abantu: kuko bamenye yukw ari bo yaciyek’ uwo mugani.


Ni co catumye amwigizayo, akamugira umugabisha w’ingabo igihumbi, akāma atabarana na zo amaja n’amaza.


Maze Sauli abonye ukuntu agira ikiganza ciza, aramutinya.


Nuko Dawidi yama agenda aho Sauli yamutuma hose, akabigiramw’ ikiganza ciza, bituma Sauli amuha kugaba ingabo ziwe; abantu bose barabishima, mbere n’abagendanyi ba Sauli na bo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ