15 Maze Sauli abonye ukuntu agira ikiganza ciza, aramutinya.
Hahirwa ūgira neza, akagurāna abandi, Agakora ibikorwa vyiwe uburyo butunganye.
Mugendane ubgenge ku bo hanze, mugura uburyo mubugwiza.
Arikw asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga.
Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.
Maze Sauli atinya Dawidi, kuk’ Uhoraho yari kumwe na we, ariko we akaba yamuvuyeko.
Kandi Dawidi yagira ikiganza ciza mu vyo yakora vyose, kand’ Uhoraho yari kumwe na we.
Arikw Abisirayeli n’Abayuda bose bākunda Dawidi, kuko yatabarana na bo amaja n’amaza.