14 Kandi Dawidi yagira ikiganza ciza mu vyo yakora vyose, kand’ Uhoraho yari kumwe na we.
Umurinzi w’ ibohero ntiyagira ikintu yibaza ku vyo yamushikirije, kuk’ Uhoraho yari kumwe na we; kand’ Uhoraho amuha kugira ikiganza ciza ku co akoze cose.
Nuko Dawidi arushiriza kuba agahambaye, kuk’ Uhoraho Imana Nyen’ ingabo yari kumwe na we.
Kand’ Uhoraho yabana na we, akagira ukuboko kwiza aho yaja hose. Bukeye agarariza umwami w’i Ashuri, ntiyaba akimusaba.
Nukw akwiragiza amaboma muri Edomu, Abanyedomu bose baca baba abatwarwa ba Dawidi. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.
Araheza akwiragiza amaboma mu gihugu c’i Siriya gikūkira i Damasiko; nukw Abasiriya baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.
Uhoraho abana na Yehoshafati, kuko yagendera mu ngeso sekuruza Dawidi yagendeyemwo uhereye ubga mbere, ntaje gusiguza za Bayali,
Nzokwitondera kugendera mu nzira itunganye: Uzoza aho ndi ryari? Nzokwama ngendana mu nzu yanje umutima utunganye.
ngo Rāba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe.
mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.
kuko ndi kumwe nawe, kandi nta muntu azogutera ngw akugirire nabi, kuko mfise abantu benshi mur’ iki gisagara.
Nuk’ Uhoraho yabana na Yosuwa; aba rurangiranwa mur’ ico gihugu cose.
Uhoraho yari kumwe n’Abayuda; birukana ababa mu gihugu c’umugamba, ariko ntibashobora kwirukana ababa mu biyaya, kuko bari bafise imikogote y’ivyuma.
Kand’ ivyo bimenyamenya ni vyagushikako, ugenze uk’ ubona bikwiye, kukw Imana iri kumwe nawe.
Umuhungu umwe w’umusore aramwishura, ati Nabonye umuhungu wa Isayi w’i Betelehemu, n’umucuraranzi w’umuhinga, n’ umuhizi w’inkomezi kand’ arazi kurwana, aritonda mu vyo avuga, n’umuntu w’igikundiro, kand’ Uhoraho ari kumwe na we.
Maze Sauli abonye ukuntu agira ikiganza ciza, aramutinya.
Bukeye hasubira kuba intambara; Dawidi aratabara, arwana n’Abafilisitiya, abatikiza agatikizo gakomeye; abasigaye barahunga.
Nuko Samweli arakura, Uhoraho abana na we; ntiyakunda ko hagira ijambo na rimwe rya Samweli rikorokera hasi.