Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 18:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Bukeye impwemu mbi irungitswe n’Imana iza kuri Sauli akābushūngwe, ashirakw ariyamiriza ari mu ngoro, Dawidi akavuza inanga nk’uko yar’ asanzwe akora imisi yose; kandi Sauli yar’ afise icumu mu ntoke.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 18:10
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ igihe c’amashōka kirenze, batangura kuvovota, gushitsa igihe kigeze co gutanga ikimazi ca ni kera; ariko ntihagira ijwi ribītaba, cank’ ikibishura, cank’ ikibababara.


N’abandi ba kamenyi bose bavugishwa bartyo, bati Dūga utere i Ramoti‐gileyadi, bizokubera ko, kuk’ Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi.


Hananiya avugira imbere y’abantu bose, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Imyaka ibiri yiramvuriye itarashira, uko ni ko nzovuna ingōgo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yambitse ku mazosi y’amahanga yose. Nuko Yeremiya uwo muvugishwa aca arīgīra.


Bukeye tugiye aho basengera, duhūra n’umwigeme arimwo dayimoni aragura, yar’ atungishije ba shebuja cane kubg’ iyo ndagu.


Ni co gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma:


Maz’ aramubarira, ati Ngaho Samusoni, Abafilisitiya baragushikiriye! Aca arakanguka, agira ngw arabakira nk’uko yahora, abīkunkumure. Ariko ntiyar’ azi yuk’ Uhoraho yamuretse.


Hanyuma uko ya mpwemu mbi yarungitswe n’Imana yafata Sauli, Dawidi yahitana inanga, agacuraranga; maze Sauli akoroherwa agakira, iyo mpwemu mbi ikamuvako.


Kuva uyo musi Sauli yama arāba Dawidi ijisho ribi.


Sauli agerageza gusākiza Dawidi icumu, ngo rirume ku nzu; Dawidi ararizibukira, amuva imbere, rinega ku nzu. Nuko mur’ iryo joro nyene Dawidi arahunga, aramukira.


Yonatani arahava ahamagara Dawidi, amwīgānira ivyo vyose. Nuko Yonatani arengukana Dawidi imbere ya Sauli, aguma ngaho nk’uko yahora.


Bukeye ya mpwemu mbi irungitswe n’Uhoraho iza kuri Sauli, avyagiye mu ngoro yiwe, afise icumu mu minwe; Dawidi amuvugiriza inanga.


None rero ndakwinginze, mugenzi, zirikana amajambo yanje jewe umusavyi wawe, mwami; asangw’ ar’ Uhoraho yakungomoreye, ni yemere ndamuhe ikimazi; na ho ni baba ar’ abantu, barakavumwa imbere y’Uhoraho, kuk’ ubu banciye, ngo singire umugabane mw ishamvu y’Uhoraho, bakavuga ngo ni ngende gusaba izindi mana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ