Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 18:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nuko Dawidi amaze kugānīra na Sauli, umutima wa Yonatani uca ufatana n’uwa Dawidi akaramata, Yonatani amukunda nk’uko yikunda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 18:1
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko none ni naramuka nshikiriye data umusavyi wawe tutari kumwe n’uwo muhungu, n’ukuntu umutima wiwe yawuhereje kur’ uwo muhungu,


Unteye akabonge, ncuti yanje Yonatani! Ewe kuntu nagukunda! Urukundo wankunda rwar’ igitangaza, Rwaruta urukundo rw’abagore.


Dawidi arasohoka, arabasanganira; arababarira, ati Namba muzanywe n’amahoro, muje kuntabara, umutima wanje uzomatana n’iyanyu; na ho namba muje kundaha, ngo mundangire abansi banje, kand’ ata kibi nakoze, Imana ya ba sogokuruza n’ibirābe, iducire urubanza.


Uhoraho, ndangira inzira yawe; nanje nzogendera mu kuri kwawe; Egeranya umutima wanje kugira ngo wubahe izina ryawe.


Ūcuditse na benshi aba yizaniye guhenebera, Ariko har’ umukunzi yimatanya n’umuntu kurusha ūvukana na we.


Mu bo muvukana canke muri bene nyoko, canke mu bahungu banyu canke mu bakobga banyu, canke mu bagore banyu mupfumbatirana, canke mu bakunzi banyu b’amagara, muri ben’ abo ni hagira uwo yosha muri mwebge mu mpisho, ati Tugende dusabe izindi mana; (kand’ ar’ izo mutigeze kumenya, mwe na ba sogokuruza;


kugira ngw imitima yabo ireme, kuko bamatanirijwe mu rukundo ngo bahabge itunga ryose ry’ugutahura ata mazinda, babone kumenya ibanga ry’Imana, ni ryo Kristo,


Nukw ingabo zose z’Abisirayeli zikoranira kurwanya ico gisagara, bahūje umutima nk’umuntu umwe.


Arikw abantu babarira Sauli, bati None Yonatani yopfa, kand’ ari we yahaye Abisirayeli ugutsinda kungana gurtyo? Biragahera! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe kazohara ngo gakorokere hasi; kuko ku vyabaye uyu musi yafatanije n’Imana. Uko ni kw abantu bākijije Yonatani ngo ntāpfe.


Bukeye Yonatani asezerana isezerano na Dawidi, kuko yar’ amukunze nk’uko yikunda.


Bukeye Sauli abarira Yonatani umuhungu wiwe bo n’ abantu biwe bose ngo bice Dawidi. Ariko Yonatani mwene Sauli yakunda Dawidi cane.


Nukw abūrira Dawidi, ati Data Sauli agomba kukwica; none rero wirinde: ejo uz’ ube ur’ ahantu hiherereye, wihishe.


Nuko Yonatani yongera kurahiza Dawidi kubg’ urukundo yamukunda, kuko yamukunda nk’uko yikunda.


Nuko rer’ ungirire neza, jewe umusavyi wawe, kuko wansezeraniye isezerano imbere y’Uhoraho. Ariko namba har’ igicumuro mfise, n’unyiyicire ubgawe: n’iki cotuma urinda kunshīra so?


ngo bitume mwese mungarariza? Kw ata n’umwe yarushe ammenyesha k’umwana wanje yasezeranye na mwene Isayi, ntihagire n’ūmbabara n’umwe, cank’ ūmmenyesha k’umwana wanje yangararishirije umuntu akamugira umwansi wanje, nk’uko bimeze n’ubu!


Bompi baraheza basezeranira isezerano imbere y’Uhoraho; maze Dawidi yigumira i Horeshi, Yonatani asubira i we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ