1 Samweli 18:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Nuko Dawidi amaze kugānīra na Sauli, umutima wa Yonatani uca ufatana n’uwa Dawidi akaramata, Yonatani amukunda nk’uko yikunda. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Mu bo muvukana canke muri bene nyoko, canke mu bahungu banyu canke mu bakobga banyu, canke mu bagore banyu mupfumbatirana, canke mu bakunzi banyu b’amagara, muri ben’ abo ni hagira uwo yosha muri mwebge mu mpisho, ati Tugende dusabe izindi mana; (kand’ ar’ izo mutigeze kumenya, mwe na ba sogokuruza;
Arikw abantu babarira Sauli, bati None Yonatani yopfa, kand’ ari we yahaye Abisirayeli ugutsinda kungana gurtyo? Biragahera! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe kazohara ngo gakorokere hasi; kuko ku vyabaye uyu musi yafatanije n’Imana. Uko ni kw abantu bākijije Yonatani ngo ntāpfe.