9 Ni yashobora kundwanya akanyica, tuzoba abaja banyu; nanje ni nashobora kumutsinda nkamwica, ni mwebge muzoba abaja bacu, mudukorere.
Bukeye Abuneri mwene Neri, n’abantu ba Ishibosheti mwene Sauli, bava i Mahanayimu baja i Gibeyoni.
Maze Nahashi umwami w’ Abamoni aradūga, asagaza inyuma y’i Yabeshi‐gileyadi. Ab’i Yabeshi bose baramubarira, bati Duhe isezerano ryo kuduhāngaza, natwe tuzogusaba.
Uwo Mufilisitiya arongera aravuga, at’ Uyu musi ndagaye ingabo z’Abisirayeli! Enda ni muzane umuntu, twimarize twempi!