Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Arahagarara, atera akamo ingabo z’Abisirayeli, ati N’iki cabazanye gutonda urugamba? Mbega sind’ Umufilisitiya, namwe mukaba abaja ba Sauli? Enda ni mwitorere umuntu, amanuke aze duhwane!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:8
5 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uriya yishura Dawidi, at’ Isandugu y’Imana n’Abisirayeli n’Abayuda ko barāra mu nsago, kandi databuja Yowabu n’ abantu bawe, mugenzi, bakaba bashagaje mu gahinga; none jewe ngende i wanje, nīrīre, nīnywere, ndārane n’umugore wanje? Ndakurahiye, eka ni wewe ndahiro nyene, sinorikora!


Yowabu aramwishura, at’ Uhoraho n’agwiririkanye abantu biwe, barute uko bari basanzwe bangana ibihetangabo ijana; ariko ga mwami wanje nyen’ ingoma, abo bose ntibār’ abantu bawe? None n’iki kiguteye kugomba ikintu nk’ico ga mwami wanje? N’iki gitumye ukwegera Abisirayeli?


Akirikw arayāga na bo, wa muhizi w’Umufilisitiya w’i Gati yitwa Goliyati asokoroka mu ngabo z’Abafilisitiya, atangura kwiyamāmura nk’ uko yahora. Dawidi aravyumva.


Maze Dawidi abaza abantu bahagaze i ruhande yiwe, at’ Uwokwica uwo Mufilisitiya, agakūra igitutsi ku Bisirayeli, bomugororera iki? Mbeg’ uwo Mufilisitiya w’intakebga n’iki, ah’ acōkōra ingabo z’Imana nzima?


Kand’ azobatwara ikigiracumi c’imikuku yanyu, namwe azobagaba ukw agomba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ