1 Samweli 17:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)7 Uruti rw’icumu ryiwe rwāngana n’umwaro ujishirwakw impuzu, icumu ubgaryo ryar’ iryo mu vyuma, ryari ririvye shekeli amajana atandatu; kand’ uwamutwaza inkinzo yaja imbere yiwe. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Yishe n’Umunyegiputa, kandi yar’ umugabo muremure cane, uburebure bgiwe bgar’ amatambge atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora; uwo Munyegiputa yar’ afise icumu mu minwe, uruti rwaryo rwāngana n’umwaro ujishirwakw impuzu; ariko we amanuka iy’ ari atwaye ubuhiri gusa; amushikura iryo cumu, ararimwicisha.