6 ku maguru yari yambaye ibikingira imirundi bikozwe mu miringa; kandi yar’ afise agakobero k’umuringa nyene gatendera inyuma mu butīkorwa.
Maz’ umwami Salomo acurisha inkinzo nini‐nini amajana abiri mw izahabu, imwe‐imwe yacurwa mw izahabu irivye shekeli amajana atandatu.
Dawidi yishura uwo Mufilisitiya, at’ Uje kundwanya ufise inkota n’icumu n’agakobero, ariko jewe nje kukurwanya mw izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’ingabo z’Abisirayeli wacōkōye.
Kandi yari yambaye inkofero y’umuringa mu mutwe, n’umwinjiro ukozwe mu miringa, urivye shekeli ibihumbi bitanu;