56 Umwami aramwishura, ati Baza se w’uwo muhungu uw’ ari we.
Sauli yishura Dawidi, ati Ntiwoshobora kuja kurwanya uwo Mufilisitiya, kuk’ ukir’ umwana, ariko we yamenyereye kurwana uhereye mu buto bgiwe.
Igihe Sauli yabona Dawidi agiye kurwana na wa Mufilisitiya, yabajije Abuneri umugabisha w’ ingabo ziwe, ati Harya ga Abuneri, urya muhungu ni mwene nde? Na we aramwishura, ati Mugenzi, indahiro ni wewe nyene nkamumenya!
Hanyuma Dawidi atabarutse, avuye kwica wa Mufilisitiya, Abuneri aramujana, amushikiriza Sauli, afise umutwe wa wa Mufilisitiya mu ntoke.