Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:55 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

55 Igihe Sauli yabona Dawidi agiye kurwana na wa Mufilisitiya, yabajije Abuneri umugabisha w’ ingabo ziwe, ati Harya ga Abuneri, urya muhungu ni mwene nde? Na we aramwishura, ati Mugenzi, indahiro ni wewe nyene nkamumenya!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:55
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iki ni co kizobeza: ndabarahiye Farawo mukazova ino umuhererezi wanyu adashitse aha!


Maze Hana aravuga, ati Mwami wanje, indahiro ni wewe nyene, erega ni jewe wa mugore nari mpagaze i ruhande yawe, mwami wanje, nsaba Uhoraho.


Muka Sauli yitwa Ahinowamu mwene Ahimasi; kand’ umugabisha w’ingabo ziwe yari Abuneri mwene Neri, se wabo wa Sauli;


Nukw atuma ūja kumuzana. Kandi yar’ umuhungu w’inzobe, w’amaso meza, w’umunyakaranga. Maz’ Uhoraho aravuga, ati Va hasi, umusukekw amavuta, kuko wa wundi ar’ uyo.


Maze Dawidi afata umutwe wa wa Mufilisitiya, awujana i Yerusalemu; arikw ibirwanishwa vyo asiga abibītse mw ihema ryiwe.


Umwami aramwishura, ati Baza se w’uwo muhungu uw’ ari we.


Sauli aramubaza, ati Harya uri mwene nde, ga wa muhungu? Dawidi aramwishura, ati Nd’ umwana w’umusavyi wawe Isayi w’i Betelehemu.


aca ava hasi, aja ha handi Sauli yar’ ashagaje. Nuko Dawidi abona ikiryamo ca Sauli aho kiri, n’ica Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo ziwe; kand’ ikiryamo ca Sauli cari hagati y’aho bārāza imikogote y’intambara, ingabo na zo zari zimushagaje irya n’ino.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ