Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:52 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

52 Maz’ ingabo z’Abisirayeli n’iz’ Abayuda zikūra hasi, zishira urwamo hejuru, zikinagiza Abafilisitiya zibashitsa i Gati no ku marembo y’i Ekuroni: Abafilisitiya bagenda barahindikirana bakomeretse ku nzira ija i Sharayimu, kurinda bashika i Gati n’i Ekuroni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:52
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

arahaguruka yica Abafilisitiya, ukuboko kwiwe kurateba kugwa ikinyānya, kwumira ku nkota. Uwo musi Uhoraho atanga intsinzi ikomeye; abantu baraheza bagaruka kuri Eleyazari, bazanywe no gukoba imivyimba gusa.


Maz’ umwami w’Abisirayeli na we asokoroka mu gisagara, atera abagendera ku mafarasi n’imikogote, atikiza Abasiriya agatikizo gakomeye.


rugakomeza rugashika ku mucāmo wa Ekuroni ahahera i burārūko; rugakevya, rugaca i Shikeroni, rugashika ku musozi Bayala, rugakomeza gushitsa i Yabuneli, rukaruma ku kiyaga.


Batabaza Abisirayeli bo mu Banafutali n’abo mu Basheri n’abo mu Bamanase bose, bōma inyuma y’Abamidiyani.


Abisirayeli baraheza bava inyuma y’ Abafilisitiya, baragaruka basahura insago zabo.


Nukw iyo sandugu y’Imana bayirungika i Ekuroni. Igiserukayo, Abanyekuroni bavuza induru, bati Batuzaniye ya sandugu y’Imana y’Abisirayeli ngw itumarane n’ abacu!


Ni kwo gutuma ku baganwa b’Abafilisitiya bose, bakoraniraho barababaza, bati Mbeg’ isandugu y’Imana y’ Abisirayeli tuyigenze dute? Barabishura, bati Ni bayijane i Gati. Nuko bajanay’ iyo sandugu y’ Imana y’Abisirayeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ