Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:51 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

51 Maze Dawidi arirukanga, amuhagarara hejuru, asūmira inkota yiwe, ayimusokōra mu rwubati, aramuhohosha, amuca izosi. Maz’ Abafilisitiya babonye umuhizi wabo apfuye, baca baratemesha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:51
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yishe n’Umunyegiputa mwiza w’akaranga; uwo Munyegiputa yar’ afise icumu mu minwe, ariko we amanuka iy’ ari atwaye ubuhiri; amushikura iryo cumu, ararimwicisha.


Bīteye mu ngoro, barenga mw iteka basanga aryamye ku kirwa, baramucumita, baramwica, bamuca izosi; baraheza bajana umutwe wiwe, bagenda ijoro ryose bajanye ikiyaya Araba.


Nuko Hamani bamumanika kur’ ico giti nyene yari yiteguriye Moridekayi. Maz’ uburake bg’umwami burahwama.


no kuzimya ubukare bg’umuriro, no gukira ubugi bg’inkota, no guhindurwa mu ntege nke ngo zicike inkomezi, no kuba agahebuza mu ntambara, no kunesha ingabo z’abanyamahanga.


Nuko rero, kukw abana bahūje inyama n’amaraso, na we ubgiwe yahūje ivyo na bo, kugira ngw abone ukw apfa, kand’ urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa ūfise ubushobozi bg’urupfu, ni we wa Murwanizi,


Uko ni ko Dawidi yagangahuje uwo Mufilisitiya ibuye yateresheje umugozi, akamwica; kandi nta nkota Dawidi yari yitwaje.


Uwo musi Dawidi arahaguruka ahunga Sauli, aja kwa Akishi umwami w’i Gati.


Uwo muherezi aramwishura, ati Ya nkota ya Goliyati wa Mufilisitiya watsinda mu mwonga Ela, ehe ngiyi iri hano, izingiriwekw impuzu inyuma ya efodi; ni wagomba kuyijana, uyijane, kukw ata yindi iri hano atar’ iyo. Dawidi aramwishura, ati Nta yiruta iyo; yimpe.


Bamuca izosi, bamukoba ibirwanishwa, batuma intumwa mu gihugu c’Abafilisitiya iyo kiva kikagera, ngo bakwize inkuru mu nsengero z’ibigirwamana vyabo no mu bantu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ