Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:50 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

50 Uko ni ko Dawidi yagangahuje uwo Mufilisitiya ibuye yateresheje umugozi, akamwica; kandi nta nkota Dawidi yari yitwaje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:50
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abona urwāsaya rw’indogoba rutarūma, atuma ukuboko araruraha, arwicisha abantu igihumbi.


Ehudi akurikirwa na Shamugari mwene Anati, yica Abafilisitiya amajana atandatu, abicisha umuhunda w’inyobozo y’inka; na we akiza Abisirayeli.


Ni co gituma umusi intambara yarumanako, mu bantu bāri kumwe na Sauli na Yonatani ata n’umwe yar’ afise inkota cank’ icumu, ukūye Sauli na Yonatani umuhungu wiwe: ni bo bāri babifise.


Dawidi araheza ahagatira inkota yiwe hejuru y’iyo myambaro, agerageza gutambuka ngw arābe, kukw atabimenyereye. Maz’ abarira Sauli, at’ Ibi sinshobora kubijana, kuko ntābimenyereye. Nuko Dawidi aravyiyambura.


Maze Dawidi atuma ukuboko mw isaho yiwe, akūray’ ibuye, ariteresha wa mugozi, arinega uwo Mufilisitiya mu ruhanga, rimwiteramwo, aca yikubita hasi yubamye.


Maze Dawidi arirukanga, amuhagarara hejuru, asūmira inkota yiwe, ayimusokōra mu rwubati, aramuhohosha, amuca izosi. Maz’ Abafilisitiya babonye umuhizi wabo apfuye, baca baratemesha.


kuko yahevye amagara yiwe, akica wa Mufilisitiya, Uhoraho akarokora Abisirayeli uburyo bukomeye. Nawe ubibonye uranezerwa. None n’iki kigutera kugira nabi, ukavisha amaraso y’ūtācumuye, ngo wice Dawidi umuhōye ubusa?


Uwo muherezi aramwishura, ati Ya nkota ya Goliyati wa Mufilisitiya watsinda mu mwonga Ela, ehe ngiyi iri hano, izingiriwekw impuzu inyuma ya efodi; ni wagomba kuyijana, uyijane, kukw ata yindi iri hano atar’ iyo. Dawidi aramwishura, ati Nta yiruta iyo; yimpe.


Sauli arabishura, ati Muragahezagirwa n’Uhoraho kuko mwambabaye!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ