Ni co gituma umusi intambara yarumanako, mu bantu bāri kumwe na Sauli na Yonatani ata n’umwe yar’ afise inkota cank’ icumu, ukūye Sauli na Yonatani umuhungu wiwe: ni bo bāri babifise.
Uwo muherezi aramwishura, ati Ya nkota ya Goliyati wa Mufilisitiya watsinda mu mwonga Ela, ehe ngiyi iri hano, izingiriwekw impuzu inyuma ya efodi; ni wagomba kuyijana, uyijane, kukw ata yindi iri hano atar’ iyo. Dawidi aramwishura, ati Nta yiruta iyo; yimpe.