48 Nuko wa Mufilisitiya atanguye kuza ngw ahūre na Dawidi, Dawidi arabandanya ariruka atumbereye ingabo z’Abafilisitiya, ngw ahūre n’uwo Mufilisitiya nyene.
Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje: nzotinya nde? Uhoraho ni we gihome gikīngira ubugingo bganje, ni nde azonca ivutu?
Nah’ ingabo zosagaza ngo zintere, Umutima wanje ntiwotinya; Nah’ intambara yovyuka ikandwanya, No muri yo norema.
Abanyakibi bahunga ata wubirukanye, Arikw abagororotsi bagumya umutima nk’intambge.
Maze Dawidi atuma ukuboko mw isaho yiwe, akūray’ ibuye, ariteresha wa mugozi, arinega uwo Mufilisitiya mu ruhanga, rimwiteramwo, aca yikubita hasi yubamye.