Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:46 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Uyu musi Uhoraho arakugabuye mu maboko yanje; ngira nkwice, nguce izosi; kand’ imivyimba y’ingabo z’Abafilisitiya ngira ndayigaburire ibisīga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo mw ishamba, kugira ngw isi yose imenye ko mu Bisirayeli har’ Imana;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:46
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

imisi itatu itarashira, Farawo azokubohora akumanike, ibisīga bikugabangane.


Maze Ahimasi ashira ijwi hejuru, abarira umwami, ati Vyose vyagenze neza. Araheza akubita inkoro hasi imbere y’umwami, aramubarira, at’ Uhoraho Imana yawe ahimbazwe, yaguhaye abantu bari bakubanguriye amaboko, mwami wanje nyen’ ingoma.


Maze Risipa umukobga wa Aya ahitana amagunira, ayīsasira ku gitandara, ahēra mw ishuza ry’ igenya, ashitsa ku mutasuro, imvura iguye kur’ iyo mivyimba; ku murango ntiyakundira ibisīga vyo mu kirēre ko biyigwako, canke mw ijoro kw ibikōko vyo mw ishamba biyēgēra.


uz’ uvyumve uri mw ijuru ah’ uba, uwo munyamahanga umumarire ivyo azoba agutakambiye vyose, bitume amahanga yose yo mw isi amenya izina ryawe, bakwubahe, nk’ukw abantu bawe b’Abisirayeli bakwubaha, kandi bamenye n’iyi ngoro nubatse ko yitwa iy’ izina ryawe.


kugira ngw amahanga yose yo mw isi amenye k’Uhoraho ari we Mana, ata yindi.


Nuko none, Uhoraho Mana yacu, ndakwinginze udukize, udukūre mu maboko yiwe, kugira ngw ibihugu vy’abami bose bo mw isi bamenye kw ari wewe Mana wenyene, ewe Uhoraho.


Hanyuma agarukana n’abantu biwe bose kur’ uwo muntu w’ Imana, araza ahagarara imbere yiwe, aramubarira, ati Noneho ndamenye kw ata yindi Mana iriho mw isi yose, atari mu Bisirayeli; enda rero ni wābīre ingemu nguhaye jewe umusavyi wawe.


Kandi ntiwantanze mu maboko y’umwansi; Washize ibirenge vyanje ahantu hāgutse.


Ni mwisigireho, mumenye kw ari jewe Mana; Nzoshirwa hejuru mu mahanga, nzoshirwa hejuru mw isi.


ut’ Ariko, icatumye aba arakuretse, n’ukugira ngo akwereke ubushobozi bgiwe, kandi ngw izina ryiwe ryāmāmare mw isi yose.


Nuko none, Uhoraho Mana yacu, udukize, udukūre mu maboko yiwe, kugira ngw ibihugu vy’abami bose bo mw isi bamenye kw ari wewe Uhoraho wenyene.


Uhoraho akumye impuzu ku kuboko kwiwe kwera mu maso y’amahanga yose, kand’ impera z’isi zose zizobona agakiza k’Imana yacu.


Yemwe bikōko mwese vyo mw ishamba, ni muze mutabagure, namwe bikōko vyose vyo mu kibira.


Kandi nzohindurira ubusa aha hantu inama z’i Buyuda n’iz’ i Yerusalemu; nzobahindikiranya n’inkota imbere y’abansi babo, bicwe n’amaboko y’ababahīga: kand’ imivyimba yabo nzoyigabura ibe inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi.


nzobatanga mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’ababahiga ngo babice, kand’ imivyimba yabo izoba inyama z’ibisīga vyo mu kirēre n’iz’ ibikōko vyo kw isi.


Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.


Ni co gitumye nshinga icagezwe, yuk’ umuntu wese wo mu bgoko bgose cank’ ihanga canke wo mu bavuga indimi zitari zimwe, azovuga nabi Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego, azohimbagurwa, kand’ urugo rwiwe ruzosigara ar’ itongo; kukw ata yindi mana iriho ishobora gukiza ben’ ubu buryo.


Ah’ umuvyimba uri hose, ni ho ibinyakabaka bizokoranira.


Imivyimba yanyu izoba inyama z’ibisīga vyose vyo mu kirere, n’iz’ ibikōko vyo kw isi, ntihazogira ūvyāmurura.


kand’ Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubagabura mu maboko yanyu, mukabatsinda, muze mubarandure. Ntimuze mugire isezerano musezerana na bo, canke ngo mubagirire akagongwe.


Arik’ Uhoraho Imana yanyu izobagabura mu maboko yanyu, ibace igikuba gihambaye, gushitsa batikiye.


Uhoraho abarira Yosuwa, ati Ntubatinye, kuko mbagabuye mu maboko yawe: nta muntu n’umwe muri bo azoguhagarara imbere.


kugira ngw amahanga yose yo mw isi amenye yuk’ ukuboko kw’Uhoraho gukomeye, batinye Uhoraho Imana yanyu ibihe vyose.


Yonatani ni kwo kubarira uwo muhungu yamutwaza ibirwanishwa, ati Ngwino tujabuke tuje ku nsago za ziriya ntakebga; kumbure Uhoraho har’ ico yodukorera, kukw ata cobuza Uhoraho gukiza, atumye benshi canke bake.


Uwo Mufilisitiya abarira Dawidi, ati Ngwino nkubāgire ibisīga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo mw ishamba!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ