Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:45 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 Dawidi yishura uwo Mufilisitiya, at’ Uje kundwanya ufise inkota n’icumu n’agakobero, ariko jewe nje kukurwanya mw izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’ingabo z’Abisirayeli wacōkōye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:45
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Asa aja kumutega, batonda urugamba mu kiyaya Zefata i Maresha.


Mu ruhande rwiwe haherereye inkomezi z’ab’ umubiri, ariko mu ruhande rwacu haherereye Uhoraho Imana yacu, ngw adutabare, aturwanire mu ntambara zacu. Maz’ abantu baremēshwa n’ayo majambo ya Hezekiya umwami w’i Buyuda.


Ugutabarwa kwacu kubonerwa mw izina ry’Uhoraho Yaremye ijuru n’isi.


Uhoraho n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’ umurokozi wanje, N’Imana yanje, n’igitandara canje gikomeye, ni we nzohungirako; Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’umunara wanje wo guhungiramwo.


Barunamye, baratemvye; Ariko tweho tuvuye hasi, turēmye.


Agakiza n’ak’ Uhoraho: Umugisha utanga ube ku bantu bawe. Sela.


Kuk’ umuheto wanje atari wo nzokwishimira, Kand’ inkota yanje atari yo izonkiza.


Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: Umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.


Uwo watonganije ukamurogotako ni nde? Ni nde wirahiye akararamango ukamurābana agakēngērwe? Erega ni jewe Uwera w’Abisirayeli.


Ariko ndazi imyicarire yawe, n’ amaja n’amaza yawe, n’ingene wanshangashiriwe.


kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingūra akarimbi,


s’uko dushobora ubgacu kwiyumvira ikintu cose nk’ah’ ari twebge candurutseko, ariko dushobozwa n’Imana;


Uwo Mufilisitiya arongera aravuga, at’ Uyu musi ndagaye ingabo z’Abisirayeli! Enda ni muzane umuntu, twimarize twempi!


Maze Dawidi abaza abantu bahagaze i ruhande yiwe, at’ Uwokwica uwo Mufilisitiya, agakūra igitutsi ku Bisirayeli, bomugororera iki? Mbeg’ uwo Mufilisitiya w’intakebga n’iki, ah’ acōkōra ingabo z’Imana nzima?


Non’ umusavyi wawe ko namaze kwica intambge n’idubu, n’uwo Mufilisitiya w’intakebga azopfa nka kimwe muri vyo, kuko yacōkōye ingabo z’Imana nzima.


ku maguru yari yambaye ibikingira imirundi bikozwe mu miringa; kandi yar’ afise agakobero k’umuringa nyene gatendera inyuma mu butīkorwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ