Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Wa Mufilisitiya abaza Dawidi, ati Mbeg’ ugira ngo nd’ imbga, k’uje kundwanya ufise inkoni? Araheza avuma Dawidi mu mazina y’imana ziwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:43
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amoko az’ agukorere, Amahanga az’ akwikubite imbere: Uz’ uganze abo muvukana, Bene nyoko bakwikubite imbere; Ūzokuvuma wese avumwe, Ūzoguhezagira wese ahezagirwe.


Maz’ umwami Dawidi ashitse i Bahurimu, hasokoroka umuntu wo mu muryango wa Sauli yitwa Shimeyi mwene Gera, agenda aramutuka inzira yose.


Maze Abishayi umwana wa Seruwiya abaza umwami, at’ Ariko n’iki gituma tureka uwo muvyimba w’imbga akagenda aragutuka ga mwami wanje nyen’ ingoma? Hinge njabuke ndamuce izosi.


Ayo majambo ya Ishibosheti ashavuza Abuneri cane; aramwishura, ati Mbeg’ ugira ngo nd’imbga y’i Buyuda? Ko nagiriye neza ab’ inzu ya so Sauli na bene wabo n’abakunzi biwe, nawe sinkugabure mu maboko ya Dawidi; non’ ugapfa kunyagiriza icaha ku mugore gusa?


Arasubira aramwunamira, ati Mbega jewe umusavyi wawe, n’ inda n’indesho, nar’ iki k’undoreshako n’ijisho, kandi nd’ imbga ipfuye?


Beni‐hadadi yongera kumutumako, muti N’umukungugu ur’ i Samariya, muti Ni waramuka ukwiye ingabo ziwe zimukakako, mut’ Umuntu wese ngw ayore n’urushi na rumwe, mut’ Imana zirakabimuhanira kandi birushirije!


Hazayeli aramwishura, ati Mbega nkanje umuntu w’imbga, n’inda n’indesho, nd’ uwo gukora ibikomeye ben’ ivyo? Elisa aramwishura, at’ Uhoraho yanyeretse k’uzoba umwami w’i Siriya.


Nk’ukw akanyoni kayerēra, n’ intamba iguruka, Ni ko n’umuvumo w’ubusa ata we wokora.


None ngw Arakwinginze, n’uze umuvumire abo bantu; ngo Kuko bahambaye, atobīhanga. Ngo Kumbure yobanesha, akabatsinda, akabirukana mu gihugu: ngo Kukw azi yuk’ uwo uhezagiye aba ahezagiwe, kand’ uwo uvumye aba avumwe.


Bukeye baja mu ndimiro, bimbura inzabibu zabo, barazigana, bagira umusi mukuru, binjira mu ngoro y’ikigirwamana cabo, bararya baranywa, bavuma Abimeleki.


Abo mur’ izo nsago bahamagara Yonatani n’ūmutwaje ibirwanishwa, bati Ni mudūge ino, ico tubereka! Nuko Yonatani abarira ūmutwaje ibirwanishwa, ati Nkurikira, kuk’ Uhoraho abagabuye mu maboko y’Abisirayeli.


None ga mwami w’Abisirayeli, uteye iki? Uhīga iki? Ereg’ uteye imbga ipfuye, uhīga imbaragasa!


None rer’ Uhoraho n’abe umucamanza, aducīre urubanza twe nawe, n’avyitegereze, ambūrane, ankūre mu maboko yawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ