42 Nuko wa Mufilisitiya abonye Dawidi, aramwitegereza, aramukēngēra, kuko yar’ akir’ umwana w’umusore, kandi yar’ inzobe w’umunyakarānga.
Aravuga, ati Namba bazanywe no kwisaba, mubafate mpiri; na ho ni baba baje kurwana, na ho nyene mubafate mpiri.
Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, Kand’ umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa.
Nukw atuma ūja kumuzana. Kandi yar’ umuhungu w’inzobe, w’amaso meza, w’umunyakaranga. Maz’ Uhoraho aravuga, ati Va hasi, umusukekw amavuta, kuko wa wundi ar’ uyo.
Sauli yishura Dawidi, ati Ntiwoshobora kuja kurwanya uwo Mufilisitiya, kuk’ ukir’ umwana, ariko we yamenyereye kurwana uhereye mu buto bgiwe.
Wa Mufilisitiya na we aza guhūra na Dawidi, ūmutwaje inkinzo amutamaje imbere.