41 Wa Mufilisitiya na we aza guhūra na Dawidi, ūmutwaje inkinzo amutamaje imbere.
Maz’ Uhoraho abarira Yosuwa, ati Tunga i Hayi iryo cumu witwaje, kuko ngira ndahagabure mu maboko yawe. Nuko Yosuwa atunga icumu yitwaje kur’ ico gisagara.
Araheza ahitana inkoni yiwe, ashitse ku kagezi, atoramw’ amabuye y’imburungu atanu, ayarokeza mw isaho yiwe y’ubgungere; kandi yar’ afise umugozi mu ntoke wo guteresha ibuye; nukw aja guhūra na wa Mufilisitiya.
Nuko wa Mufilisitiya abonye Dawidi, aramwitegereza, aramukēngēra, kuko yar’ akir’ umwana w’umusore, kandi yar’ inzobe w’umunyakarānga.
Uruti rw’icumu ryiwe rwāngana n’umwaro ujishirwakw impuzu, icumu ubgaryo ryar’ iryo mu vyuma, ryari ririvye shekeli amajana atandatu; kand’ uwamutwaza inkinzo yaja imbere yiwe.