Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Bukeye mu nsago z’Abafilisitiya havamw’ umuhizi yitwa Goliyati w’i Gati; uburebure bgiwe bgar’ amatambge atandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora n’itambge rimwe ry’intoke.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:4
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yishe n’Umunyegiputa, kandi yar’ umugabo muremure cane, uburebure bgiwe bgar’ amatambge atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora; uwo Munyegiputa yar’ afise icumu mu minwe, uruti rwaryo rwāngana n’umwaro ujishirwakw impuzu; ariko we amanuka iy’ ari atwaye ubuhiri gusa; amushikura iryo cumu, ararimwicisha.


Yamar’ ari jewe naranduye Abamori imbere yabo, uburebure bgabo bgari bumeze nk’ubg’ amasederi, kandi bari bakomeye nk’ibiti vy’imyeloni; ariko nahenebereje ivyo bamye mpereye hejuru, n’imizi yabo, mpereye hasi.


(Kand’ uyo Ogi, umwami w’i Bashani, ni we wenyene yar’ agasigarira k’Abarefa. Uburiri bgiwe bgar’ ubg’ icuma: mbega ntibukir’ i Raba mu Bamoni no kugeza n’ubu? Uburebure bgabgo bgar’ amatambge cenda y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgar’ amatambge ane, nk’ukw itambge ry’ ukuboko risanzwe rireha.)


Ntihagira n’umwe wo mu Banaki asigara mu gihugu c’Abisirayeli, atari bamwe‐bamwe basigaye i Gaza n’i Gati n’i Ashidodi.


Akirikw arayāga na bo, wa muhizi w’Umufilisitiya w’i Gati yitwa Goliyati asokoroka mu ngabo z’Abafilisitiya, atangura kwiyamāmura nk’ uko yahora. Dawidi aravyumva.


Abafilisitiya batonda ku musozi wo hakurya, Abisirayeli ku wo hakuno, umwonga ugaca hagati yabo.


Kandi yari yambaye inkofero y’umuringa mu mutwe, n’umwinjiro ukozwe mu miringa, urivye shekeli ibihumbi bitanu;


Maze babariye Sauli ko Dawidi yahungiye i Gati, ntiyasubira kumurondera ukundi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ