Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:37 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Dawidi atakw aravuga, at’ Uhoraho yagiye andokora mu nzāra z’intambge no mu z’idubu, arandokora no mu maboko y’uwo Mufilisitiya. Nuko Sauli abarira Dawidi, ati Nuko genda; Uhoraho abane nawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:37
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko shira ubgoba, turwane kigabo, turwanire ubgoko bgacu n’ibisagara vy’Imana yacu; na we Uhoraho arakora ico ashima.


None rero mwana wanje, Uhoraho abane nawe; aguhe kugira ikiganza ciza, wubake ingoro y’ Uhoraho Imana yawe, nk’uko yabikuvuzeko.


Rāba amazahabu n’amafeza n’imiringa n’ivyuma ntibigira uko vyoharūrika. None rero shirako, ukore, kand’ Uhoraho abane nawe.


Uhoraho ni we mpungirako. Mubaririra iki umutima wanje, Muti Hungira ku musozi wanyu nk’inyoni?


Uhoraho ari mu ruhande rwanje, sinzotinya: Non’ umuntu yoshobora kungira iki?


Umusi nagutakambiyeko waranyishuye, Undemeshesha gusubiza intege mu mutima wanje.


Kuko wambereye umufasha, Kandi nzovugiriza impundu mu gitūtu c’amababa yawe.


Nzovuga ibikorwa vy’Uhoraho, Kuko nzokwibuka ibitangaza vyawe vya kera.


Asangw’ ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi.


Nk’uko twahora twumvira Mose muri vyose, ni ko nawe tuzokwumvira; mugabo rero, Uhoraho Imana yawe az’ abane nawe nk’uko yabana na Mose.


Bowazi araza, avuye i Betelehemu, abgira abagenyi, at’ Uhoraho abane namwe. Na bo baramwishura, bat’ Uhoraho aguhe umugisha.


Non’ umusavyi wawe ko namaze kwica intambge n’idubu, n’uwo Mufilisitiya w’intakebga azopfa nka kimwe muri vyo, kuko yacōkōye ingabo z’Imana nzima.


Maze Sauli yambika Dawidi imyambaro yiwe, amwambika n’inkofero y’umuringa mu mutwe, n’umwinjiro w’ ivyuma.


Ariko data ni yaramuka agomba kukugirira nabi, simbikumenyeshe, ngo nkurungike wīgīre uburarame, Uhoraho abimpanire, kandi birushirije. Kand’ Uhoraho az’ abane nawe nk’uko yabana na data.


Mbeg’ umuntu yobona umwansi wiwe, agaheza agapfa kumureka akīgīra? Uragahabga ingororano nziza n’Uhoraho, ku vy’ unkoreye uyu musi.


Maze Sauli abarira Dawidi, at’ Uragahezagirwa, mwananje Dawidi! Uzokora ivy’ ubuhizi, kand’ uzotsinda nta kabuza. Nuko Dawidi arīgīra, Sauli na we asubira i we.


Maze Samweli yābīra ibuye, arishinga hagati y’i Misipa n’i Sheni, aryita Ebenezeri, ati Kugeza n’ubu Uhoraho aradutabaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ