Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Non’ umusavyi wawe ko namaze kwica intambge n’idubu, n’uwo Mufilisitiya w’intakebga azopfa nka kimwe muri vyo, kuko yacōkōye ingabo z’Imana nzima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:36
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Senakeribu yandika icete co kurogota k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli no kumuvuga nabi, ngo Nk’ukw imana z’amahanga yo mu bihugu zitākijije abantu bazo, ngo ntibakorokere mu maboko yiwe, ngo Ni ko n’Imana ya Hezekiya itazokiza abantu bayo ngo ntibamukorokere mu maboko.


Mbeg’ incabiti yokwirata k’ūrikw arayisatuza? Cank’ umusumeno wokwihayagiza k’ūrikw arawukereza? Ni nk’ah’ inkoni yozungagiza ūyītwāje, cank’ ikibando coterura ikitar’ igiti!


Ngo Kandi Hezekiya ntabizigize Uhoraho, ababarira, ng’ Uhoraho ntazobura kubakiza, kandi ng’ Uyu murwa ntuzotangwa ng’ukorokere mu maboko y’umwami w’i Ashuri.


Ngo Mwiyubare, Hezekiya ntabahende, avuga ng’ Uhoraho azobakiza. Mbega mu mana z’ abanyamahanga hari n’imwe yigeze gukiza igihugu cayo ngo ntigikorokere mu maboko y’umwami w’i Ashuri?


Uzopfa urupfu rw’abatākebge wishwe n’amaboko y’abanyamahanga; kukw ari jewe mbivuze, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Uti Ni nde urusha ubgiza? Manuka uryamikwe mu batākebge.


ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.


Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose, abazoryikorera bose bazokomereka bibi; kand’ amahanga yose yo mw isi azokoranywa no kuharwanya.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we yantumye kumuhesha icubahiro mu mahanga yabanyaze; at’ Ūbakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ryiwe.


Yonatani ni kwo kubarira uwo muhungu yamutwaza ibirwanishwa, ati Ngwino tujabuke tuje ku nsago za ziriya ntakebga; kumbure Uhoraho har’ ico yodukorera, kukw ata cobuza Uhoraho gukiza, atumye benshi canke bake.


Uwo Mufilisitiya arongera aravuga, at’ Uyu musi ndagaye ingabo z’Abisirayeli! Enda ni muzane umuntu, twimarize twempi!


Maze Dawidi abaza abantu bahagaze i ruhande yiwe, at’ Uwokwica uwo Mufilisitiya, agakūra igitutsi ku Bisirayeli, bomugororera iki? Mbeg’ uwo Mufilisitiya w’intakebga n’iki, ah’ acōkōra ingabo z’Imana nzima?


twāca tugerekerana nkagikubita, nkakiyāka mu kanwa; cāmvumbukana nkagisūmira urusakanwa, nkagikubita nkacica.


Dawidi atakw aravuga, at’ Uhoraho yagiye andokora mu nzāra z’intambge no mu z’idubu, arandokora no mu maboko y’uwo Mufilisitiya. Nuko Sauli abarira Dawidi, ati Nuko genda; Uhoraho abane nawe.


Bukeye Sauli abarira Dawidi, ati Nguyo umukobga wanje mukuru Merabu, nzomuguha; ariko rero, uz’ ube umuhizi wo kundwanira, urwane intambara z’Uhoraho. Kuko Sauli yavuga, ati Yoye kuzongwako, arikw az’ agwe ku Bafilisitiya.


Maze Sauli abarira ūmutwaje ibirwanishwa, ati Sokōra inkota, uyinsogote, zirya ntakebga zoye kunshikīra ngo zinsogote, zinshinyagurire. Arik’ ūmutwaje ibirwanishwa aranka, kuko yari yagize ubgoba bginshi. Sauli ni kwo gufata iyiwe nkota, ayīsukako.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ