33 Sauli yishura Dawidi, ati Ntiwoshobora kuja kurwanya uwo Mufilisitiya, kuk’ ukir’ umwana, ariko we yamenyereye kurwana uhereye mu buto bgiwe.
Uhoraho ni we mpungirako. Mubaririra iki umutima wanje, Muti Hungira ku musozi wanyu nk’inyoni?
Arikw abari baradūganye na we, bati Ntitwoshobora kudūga ngo turwanye abo bantu, kuko baturusha ubuhizi.
n’ abantu banini barebare, ni bo Banaki, nk’uko mubazi, kandi mwarumvise babavuga, ngo Ni nde yohagarara Abanaki imbere?
Batazira ico gisato bagisenga, kuko cahaye ico gikōko ububasha bgaco; batazira na kino gikōko bagisenga, bati Ni nde ahwanye n’iki gikōko, kandi ni nde ashobora kukirwanya?
Dawidi yishura Sauli, ati Jewe umusavyi wawe iyo ndagiye intama za data, hakaza intambge cank’ idubu kigasahura umwana w’intama mu mukuku,
Nuko wa Mufilisitiya abonye Dawidi, aramwitegereza, aramukēngēra, kuko yar’ akir’ umwana w’umusore, kandi yar’ inzobe w’umunyakarānga.
Umwami aramwishura, ati Baza se w’uwo muhungu uw’ ari we.