32 Dawidi ashitse, abarira Sauli, ati Ntihagire uwo arandura umutima; jewe umusavyi wawe ndagiye kurwana n’uwo Mufilisitiya.
Sinzotinya abantu ibihumbi vyinshi Vy’abankikije impande zose kugira ngo bantere.
Mubgire abahagaritse imitima, muti Rema, nta co mutinya: rāba, Imana yanyu izozanana n’uguhōra, ni kwo kwitura kw’Imana; izoza ibakize.
maz’ umubarire, uti Witonde, ureme; woye gutinya, kandi nturandurwe umutima n’ivyo bishirīra bibiri bifumba, bo n’uburake bg’inkazi bga Rezini n’Abasiriya n’ubga mwene Remaliya.
Maze Kalebu yamira abantu bariko baridodombera Mose, aravuga, ati Ni muze tudūge ubu nyene, tuhashikīre, kuko dushobora rwose kuhatsinda.
Mugabo ntimugararize Uhoraho, kandi ntimutinye ben’ ico gihugu: tuzobarya bga mutsima; icābakingira cabavuyeko, ariko tweho Uhoraho ari mu ruhande rwacu: nta co mubatinya!
Nuko mugorore amaboko acitse urudendevu, n’amavi aregarega:
None rero n’umpe uriya musozi Uhoraho yavuze wa musi. Ico gihe wumvise kw ar’ah’ Abanaki, kandi ko bahafise ibisagara binini‐binini bizitijwe inzitiro z’amabuye; kumbure Uhoraho azoba kumwe nanje, ndabaneshe nk’uko yambariye.
Yonatani ni kwo kubarira uwo muhungu yamutwaza ibirwanishwa, ati Ngwino tujabuke tuje ku nsago za ziriya ntakebga; kumbure Uhoraho har’ ico yodukorera, kukw ata cobuza Uhoraho gukiza, atumye benshi canke bake.
Umuhungu umwe w’umusore aramwishura, ati Nabonye umuhungu wa Isayi w’i Betelehemu, n’umucuraranzi w’umuhinga, n’ umuhizi w’inkomezi kand’ arazi kurwana, aritonda mu vyo avuga, n’umuntu w’igikundiro, kand’ Uhoraho ari kumwe na we.
Bumvise amajambo Dawidi avuga, bayashengerana kwa Sauli; araheza aramuhamagaza.