31 Bumvise amajambo Dawidi avuga, bayashengerana kwa Sauli; araheza aramuhamagaza.
Ni wabona umuntu w’umunyamwete mu vyo akora, Ben’ uyo azokorera abami, Ntazokorera ba nyarucari.
Arahindukira, arāba uwundi, na we amubaza nk’ivyo, abantu basubira kumwishura nk’ivya mbere.
Dawidi ashitse, abarira Sauli, ati Ntihagire uwo arandura umutima; jewe umusavyi wawe ndagiye kurwana n’uwo Mufilisitiya.