Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Maze Eliyabu mukuru we, imfura ya se, yumvise Dawidi avugana n’abo bantu, uburake bgiwe buraziriringa, aramubaza, ati Wazanywe n’iki? Mbega bga butama wabusigaranye nde mu bugaragwa? Ndazi amanyama yawe, n’ ubugāba bgo mu mutima wawe: ereg’ icakuzanye n’ukugira ng’ urābe intambara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:28
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bene se bamugirira ishari, ariko se azigama ayo majambo mu mutima wiwe.


Bene se babona yuko se amukunda kumubarutisha bose; baramwanka, ntibaba bakimubarira neza atar’ ukumuhirika.


Bene se baramubaza, bat’ Aho ni wewe uzotuganza? ni wewe uzodutwara? Izo nzozi ziwe n’ayo majambo yiwe bituma barushiriza kumwanka.


Rehobowamu arongora Mahalati umukobga wa Yerimoti, Yerimoti mwene Dawidi; nyina yari Abihayili umukobga wa Eliyabu, Eliyabu mwene Isayi.


Ivyabona vy’ibinyoma biva hasi, Bakanyagiriza ivyo ntazi, babimbaza.


Uwo muvukana iy’ umukomeretseko bigora kumugarura kurusha kunesha igisagara gikomeye, Kand’ ibitāti ben’ ivyo bimeze nk’ibihindizo vyugara inzu y’igihome.


Uburake ni ruburakigongwe, ishavu ritwara nk’umuvo, Ariko ni nde yoshobora kwihanga ishari?


Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.


Kand’ abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe.


Kuko yamenye yukw ishari ari ryo rimubatangishije.


Ab’i wabo bavyumvise barasohoka ngo baje kumufata, kuko bāgira ngo Yasaze.


Arikw abo bantu batuka ivyo batazi: kandi n’ivyo bamenyeshwa n’akameremere kabo, nk’ukw ibikōko bimeze bitagira ubgenge, na vyo nyene baravyiyonōnesha.


Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.


Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.


Dawidi aramwishura, ati None nkoze iki? Ntikwar’ ukubaza gusa?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ