Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Abisirayeli baravuga, bati Ntimubona uriya mugabo adūze? Adūganywe no gucōkōra Abisirayeli, nta kindi. Umuntu yomwica, umwami azomugororera vyinshi, kand’ azomushingira umwana wiwe, akūre n’inzu ya se kw ikori mu Bisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:25
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi turabamenyesha ivy’ abaherezi n’Abalewi, n’abaririmvyi n’abashibamyi, n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, n’abakozi bo mur’ iyo ngoro y’ Imana bose uko bangana, ko bitemewe ko bākwa ikori cank’ ikibuguro cank’ ingorore.


Aramwishura, ati N’abandi. Yesu aramubgira, ati Noneh’ ababo baracuna.


Kalebu aravuga, at’ Umuntu azotera i Kiriyati‐seferi akahanesha, nzomushingira umwana wanje Akisa.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


Ūnesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikakw izina ry’Imana yanje, n’iry’ umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw izina ryanje risha.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


Ūnesha azokwambikwa artyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n’imbere y’abamarayika biwe.


Abisirayeli bose bamubonye, bacika ivutu baramuhunga.


Abantu bamwishura nk’ivyo bari bahejeje kuvuga, bat’ Uwomwica, uko ni ko yogororerwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ