Kandi twabonyey’ ibigatanya, ari bo Bānaki, bakomōtse ku bigatanya nyene: ku ruhande rwacu twabonye ko tubamezeko nk’inzige, na bo kandi bakabona kw ari ko tumeze.
Akirikw arayāga na bo, wa muhizi w’Umufilisitiya w’i Gati yitwa Goliyati asokoroka mu ngabo z’Abafilisitiya, atangura kwiyamāmura nk’ uko yahora. Dawidi aravyumva.
Abisirayeli baravuga, bati Ntimubona uriya mugabo adūze? Adūganywe no gucōkōra Abisirayeli, nta kindi. Umuntu yomwica, umwami azomugororera vyinshi, kand’ azomushingira umwana wiwe, akūre n’inzu ya se kw ikori mu Bisirayeli.