21 Nukw Abisirayeli batonda urugamba, n’Abafilisitiya n’uko, urugamba ruhanganye n’ urundi.
Uwo mugabo yitwa Elimeleki, umugore wiwe yitwa Nawomi, abahungu biwe bompi umwe yitwa Mahaloni, uwundi yitwa Kiliyoni, bār’ Abanyefurata b’i Betelehemu h’i Buyuda. Bashika mu gihugu c’i Mowabu, babayo.
Nuko Dawidi akoroka kare, asigarana intama ūzimurābira, ahitana ivyo bintu aragenda, nk’uko Isayi yamubariye, ashikira aho barāza imikogote y’intambara, ahūra ingabo zigiye gutonda urugamba zīrahira ubutōre.
Maze Dawidi abītsa ivyo yar’ agemuye ūsigarana ibintu vy’intēkera, ariruka aja mu ngabo, aramutsa bakuru be.
Abafilisitiya batonda urugamba ngo barwanye Abisirayeli: bamaze kurumana, Abisirayeli baneshwa n’ Abafilisitiya, Abafilisitiya babicamw’ abantu nk’ibihumbi bine mur’ urwo rugamba.