Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kand’ ugemurire umugabisha w’umuce barimwo, aya masoro ukw ar’ icumi y’umukānyūre w’amavuta; uheze urābe bakuru bawe uko bameze, unzanire agakuru k’imvāho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:18
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Isirayeli abarira Yosefu, ati Harya bakuru bawe ntibaragiye umukuku i Shekemu? Enda ngwino ngutume kuri bo. Aramwishura, ati Ntuma.


Aramubarira, ati Genda urābe ko bakuru bawe bar’ amahoro, n’umukuku k’ur’ amahoro, uheze ugaruke umbarire. Nukw aramutuma, ava mu kiyaya c’i Heburoni, ashika i Shekemu.


n’ubūki, n’urubu, n’ intama, n’umukānyūre w’amavuta y’inka, babigemurira Dawidi n’ abo bari kumwe; kuko bari biyumviriye, bat’ Abantu barashonje kandi bararushe, bafise inyota aho bari mu bugaragwa.


Kandi Moridekayi yahora agendagenda uko bukeye inyuma y’urugo rw’inzu y’abigeme, kugira ngw amenye Esiteri uko yaramutse n’ukw ameze.


Mbega ntiwansutse nk’amata, Ukamvuza nk’urubu?


Mose arasohoka, aja gusanganira sebukwe, akubita inkoro hasi, amugwa mu nda, babazanya amakuru, binjira mw ihema.


Hashize imisi, Paulo abgira Barunaba, at’ Ingo dusubire ha handi tugendere bene Data mu gisagara cose aho twāvuze ijambo ry’Umwami Yesu, tumenye uko bameze.


Bakeberezaho, bashika mu nzu ya wa musore w’ Umulewi mu rugo rwa Mika, baramuramutsa;


Nuko Isayi yābīra indogoba, ayishirakw imitsima n’umukuza w’urusāto wuzuye vino, n’umwagazi w’impene, abirungikana umuhungu wiwe Dawidi ngw abishikanire Sauli.


Kandi Sauli n’abo bakuru ba Dawidi n’ingabo zose z’Abisirayeli bāri kuri wa mwonga Ela bashāmiranye n’Abafilisitiya.


Nuko Dawidi atuma abahungu b’imisore cumi, ati Ni mudūge muje i Karumeli, muje kwa Nabali, mumundamukirize;


Maze Dawidi ashika kuri ba bantu amajana abiri bāri barushe, bananirwa kumukurikira, bakabasiga ku mugezi Besori; baza gusanganira Dawidi n’abari kumwe na we. Dawidi abashikiriye arabaramutsa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ