17 Bukeye Isayi abarira umuhungu wiwe Dawidi, ati Genda ugemurire bakuru bawe ingero imwe kur’ izi ngano zikaranze, n’iyi mitsima cumi, ubandanye aho bashagaje, ubibashīre.
bamuzanira amariri, n’amabakule, n’inzavya z’ibibumbano; n’ingano, na sayiri, n’ifu, n’impeke zikaranze, n’ibiharage, n’inkore,
None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha ivyiza abamusavye?
None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye?
Igihe co kurya kigeze, Bowazi aramubgira, ati Ngwino urye agatsima, ukoze intore yawe mu nkarisha ya vino. Yicarana n’abagenyi bamuhēreza impeke zikaranze, arazirya, arahāga, arasigaza.
Nuk’ uwo Mufilisitiya, uko bukeye uko bgije, akāma aseruka ahibonekeza, abasomboroza, kumara imisi mirongwine.
Maze Abigayili arakwakwanya, akora imitsima amajana abiri, n’imikuza ibiri ya vino, n’inyama zihiye z’amapfizi atanu y’intama, n’ingero zitanu z’ingano zikaranze, n’imisoko ijana y’inzabibu zumye, n’uturobe amajana abiri tubumbabumbge mu nsukoni, abiremēka indogoba.