16 Nuk’ uwo Mufilisitiya, uko bukeye uko bgije, akāma aseruka ahibonekeza, abasomboroza, kumara imisi mirongwine.
Amaze imisi mirongwine n’amajoro mirongwine yisonzesheje, abona gusonza.
ageragezwa n’Umurwanizi. Kandi mur’ iyo misi nta co yariye; ishize arasonza.
Kandi Dawidi yaja agīshanya imbu, hamwe akaba kwa Sauli, ahandi akaja kuragira intama za se i Betelehemu.
Bukeye Isayi abarira umuhungu wiwe Dawidi, ati Genda ugemurire bakuru bawe ingero imwe kur’ izi ngano zikaranze, n’iyi mitsima cumi, ubandanye aho bashagaje, ubibashīre.