Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kand’ abahungu batatu bakuru ba Isayi bāri bāratabaranye na Sauli; amazina y’abo bahungu biwe batatu bātabaye, uw’ imfura ni Eliyabu, uwa kabiri ni Abinadabu, uwa gatatu ni Shama.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:13
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Amunoni yar’ afise umugenzi bakundana yitwa Yonadabu mwene Shimeya, Shimeya mukuru wa Dawidi; kandi Yonadabu uwo yar’ umuntu w’incabgenge.


Maze Yonadabu mwene Shimeya, Shimeya mukuru wa Dawidi, aramubarira, ati Mugenzi, erega ntugire ngo bishe abana bawe bose; Amunoni wenyene ni we yapfuye; kukw ivyo Abusalomu yabigabiye guhēra umusi Amunoni yonona mushiki we Tamari.


Maz’ acokoye Abisirayeli, Yonatani mwene Shimeyi, umuhungwabo wa Dawidi, aramwica.


Isayi avyara Eliyabu, imfura yiwe, uwa kabiri ni Abinadabu, uwa gatatu ni Shimeya,


Maze Eliyabu mukuru we, imfura ya se, yumvise Dawidi avugana n’abo bantu, uburake bgiwe buraziriringa, aramubaza, ati Wazanywe n’iki? Mbega bga butama wabusigaranye nde mu bugaragwa? Ndazi amanyama yawe, n’ ubugāba bgo mu mutima wawe: ereg’ icakuzanye n’ukugira ng’ urābe intambara.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ