Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kandi Dawidi yar’ umwana wa wa Munyefurata w’i Betelehemu h’i Buyuda yitwa Isayi; Isayi yar’ afise abahungu munani; kand’ igihe Sauli yīma Isayi yar’ ashitse mu zabukuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:12
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Rakeli arapfa, bamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu.


Aya ni yo majambo ya Dawidi aheruka: At’ Uku ni ko Dawidi mwene Isayi avuga, Ni k’uwashizwe hejuru avuga, Uwo Imana ya Yakobo yimikishije amavuta, Umuririmvyi w’umuhinga w’ Abisirayeli;


Twavyumviye muri Efurata, Twabibonye mu gahinga k’i Yayari.


Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


Isayi yavyaye umwami Dawidi. Dawidi yavyaye Salomo kuri muka Uriya,


Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya ku ngoma y’umwami Herode, haza abanyabgenge bavuye i burasirazuba, baja i Yerusalemu,


ngo Kandi wewe, Betelehemu mu ntāra ya Yuda, Nturi mutoya mu baganwa ba Yuda, Kuko kuri wewe hazova ūganza, Ni we azoragira abantu banje b’Abisirayeli.


Uwo mugabo yitwa Elimeleki, umugore wiwe yitwa Nawomi, abahungu biwe bompi umwe yitwa Mahaloni, uwundi yitwa Kiliyoni, bār’ Abanyefurata b’i Betelehemu h’i Buyuda. Bashika mu gihugu c’i Mowabu, babayo.


Abagore b’ababanyi biwe bamwita izina, bati Nawomi avyariwe umuhungu. Bamwita Obedi, ni we se wa Isayi, se wa Dawidi.


Obedi yavyaye Isayi; Isayi yavyaye Dawidi.


Hār’ umuntu w’i Ramatayimu‐sofimu, mu mugamba w’Abefurayimu, yitwa Elukana; yari mwene Yerohamu, Yerohamu wa Elihu, Elihu wa Tohu, Tohu wa Sufu, w’Umwefurayimu.


Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.


Umuhungu umwe w’umusore aramwishura, ati Nabonye umuhungu wa Isayi w’i Betelehemu, n’umucuraranzi w’umuhinga, n’ umuhizi w’inkomezi kand’ arazi kurwana, aritonda mu vyo avuga, n’umuntu w’igikundiro, kand’ Uhoraho ari kumwe na we.


Maze Sauli n’Abisirayeli bose bumvise ayo magambo y’Umufilisitiya, barīhebūra, bagira ubgoba bginshi.


Sauli aramubaza, ati Harya uri mwene nde, ga wa muhungu? Dawidi aramwishura, ati Nd’ umwana w’umusavyi wawe Isayi w’i Betelehemu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ