11 Maze Sauli n’Abisirayeli bose bumvise ayo magambo y’Umufilisitiya, barīhebūra, bagira ubgoba bginshi.
Uhoraho ari mu ruhande rwanje, sinzotinya: Non’ umuntu yoshobora kungira iki?
Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje: nzotinya nde? Uhoraho ni we gihome gikīngira ubugingo bganje, ni nde azonca ivutu?
Abanyakibi bahunga ata wubirukanye, Arikw abagororotsi bagumya umutima nk’intambge.
Mbeg’ uwo watinya ukamugirira ubgoba ni nde, bigatuma ubesha, ntunyibuke, ng’ ubishirek’ umutima? Mbega simmaze igihe kinini ncereje, si co catumye utanyubaha?
Uhoraho ni we azokuja imbere; azobana nawe, ntazoguheba, ntazoguta; ntutinye, nturanduke umutima.
None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose.
Mbere bamwe bo mu Baheburayo bāri bajabutse Yorodani, baja mu gihugu c’i Gadi n’i Gileyadi; ariko Sauli we yar’ akir’ i Gilugali; kand’ abāri bakiri kuri we bāri bakūtse imitima.
Uwo Mufilisitiya arongera aravuga, at’ Uyu musi ndagaye ingabo z’Abisirayeli! Enda ni muzane umuntu, twimarize twempi!
Kandi Dawidi yar’ umwana wa wa Munyefurata w’i Betelehemu h’i Buyuda yitwa Isayi; Isayi yar’ afise abahungu munani; kand’ igihe Sauli yīma Isayi yar’ ashitse mu zabukuru.
Araheza yigira ukundi imbere yabo, yisarishiriza muri bo, aharamba inzugi z’irembo, akarekura urukonda rugashororokera mu bganwa.
Abafilisitiya bumvise kw Abisirayeli bakoraniye i Misipa, abaganwa babo baca badūga kubatera. Abisirayeli bavyumvise, bagira ubgoba kubg’ Abafilisitiya.