Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Uwo Mufilisitiya arongera aravuga, at’ Uyu musi ndagaye ingabo z’Abisirayeli! Enda ni muzane umuntu, twimarize twempi!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:10
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ acokoye Abisirayeli, Yonatani mwene Shimeyi, umuhungwabo wa Dawidi, aramwica.


Uwa kabiri kuri we muri ba bahizi batatu ni Eleyazari mwene Dodayi Umwahohi. Yari kumwe na Dawidi igihe bahangāra Abafilisitiya bari bakoraniye kubarwanya. Maz’ Abisirayeli bahunze,


Ngo Kumbure Uhoraho Imana yawe yokwumva amagambo yose ya Rabushake, ayo shebuja umwami w’i Ashuri yamutumye gutuka Imana nzima, Uhoraho Imana yawe akamuhana kubg’ ayo magambo yumvise. Ngo Nuko rero, shirak’ usenge, usabire amasigarira agisigaye.


Ariko Sanibalati Umuhoroni, na Tobiya Umwamoni w’umugurano, na Geshemu Umwarabo, bavyumvise baradushinyagurira, batubarirana agakengerwe, bat’ Ivyo mukora n’ibiki? Mbega s’ uko mugomba kugarariza umwami?


Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, Kand’ umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umunyabgenge yoye kwirata ubgenge bgiwe, cank’ umunyenkomezi ngo yirate inkomezi ziwe, cank’ umutunzi ngo yirate ubutunzi bgiwe;


Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.


Maze Sauli n’Abisirayeli bose bumvise ayo magambo y’Umufilisitiya, barīhebūra, bagira ubgoba bginshi.


Non’ umusavyi wawe ko namaze kwica intambge n’idubu, n’uwo Mufilisitiya w’intakebga azopfa nka kimwe muri vyo, kuko yacōkōye ingabo z’Imana nzima.


Dawidi yishura uwo Mufilisitiya, at’ Uje kundwanya ufise inkota n’icumu n’agakobero, ariko jewe nje kukurwanya mw izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’ingabo z’Abisirayeli wacōkōye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ