Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 17:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maz’ Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo ngo batere; bazikoraniriza i Sokoho h’i Buyuda, basagaza ahitwa Efesi‐damimu, hagati y’i Sokoho n’i Azeka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 17:1
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yari kumwe na Dawidi i Pasi‐damimu, igihe Abafilisitiya bakoraniyeyo babateye, barumanira ku murima wa sayiri; nukw ingabo zihunga Abafilisitiya.


Kandi n’Abafilisitiya na bo bāri bateye ibisagara vyo mu kiyaya, n’ivy’ i Buyuda bg’i bumanuko, bafata i Beti‐shemeshi, n’i Ayaloni, n’i Gederoti, n’i Sokoho, n’ibisagara bihakūkira, n’i Timuna n’ibisagara bihakūkira, n’i Gimuzo na ho nyene n’ibisagara bihakūkira; baca barahinjira.


igihe ingabo z’umwami w’i Babuloni zāriko zirarwana n’i Yerusalemu n’ibisagara vyose vy’i Buyuda vyari bigisigaye, n’i Lakishi n’i Azeka; kukw ivyo ari vyo vyari bigisigaye mu bisagara vy’i Buyuda bikizitiriwe inzitiro.


na Yaramuti na Aduwamu na Sokoho na Azeka,


Hār’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya, n’Abanyakanani bose, n’Abasidoni, n’Abahiwi bo ku musozi Lebanoni, uhereye ku musozi Bayali‐Herumoni ugashitsa ahafata i Hamati.


Nukw Abafilisitiya barakorakorana ngo barwanye Abisirayeli; bāri bafise imikogote y’intambara ibihumbi mirongwitatu, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi bitandatu, n’ingabo nyinshi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga; baradūga, basagaza i Mikimashi ku ruhande rw’i Beti‐aveni ruhera i burasirazuba.


Maze Sauli arīgīra, areka gukurikira Abafilisitiya; Abafilisitiya na bo basubira i wabo.


Imisi yose Sauli yabayeho hābaye indwano zigoye hagati yabo n’Abafilisitiya; kandi Sauli, iy’ abonye umuntu wese w’amagara kandi w’umuhizi yaca amujana i we.


Abafilisitiya bumvise kw Abisirayeli bakoraniye i Misipa, abaganwa babo baca badūga kubatera. Abisirayeli bavyumvise, bagira ubgoba kubg’ Abafilisitiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ