9 Isayi arongera amwereka Shama; na ho nyene Samweli aravuga, at’ Eka n’uyu na we Uhoraho si we yatoranije.
Ariko Amunoni yar’ afise umugenzi bakundana yitwa Yonadabu mwene Shimeya, Shimeya mukuru wa Dawidi; kandi Yonadabu uwo yar’ umuntu w’incabgenge.
na mwene Abinadabu yatoza ivyo mu misozi yose ihagaze y’i Dori, kandi yar’ afise umukobga wa Salomo yitwa Tafati;
Isayi avyara Eliyabu, imfura yiwe, uwa kabiri ni Abinadabu, uwa gatatu ni Shimeya,
Nuko Isayi yerekana indwi mu bahungu biwe ngo Samweli abarābe. Samweli abarira Isayi, at’ Aba si bo Uhoraho yatoranije.
Kand’ abahungu batatu bakuru ba Isayi bāri bāratabaranye na Sauli; amazina y’abo bahungu biwe batatu bātabaye, uw’ imfura ni Eliyabu, uwa kabiri ni Abinadabu, uwa gatatu ni Shama.