Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 16:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 16:7
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ariko ntiyākīrira Kayini ishikanwa ryiwe. Maze Kayini araraka cane, mu maso hiwe harijirwa.


Kandi mu banyakaranga bo mu Bisirayeli bose nta wavugangwa nka Abusalomu; uhereye mu bgōro bg’ikirenge ugashitsa mu gitwariro nta gasembga yagira.


Non’ ikindi jewe Dawidi nokubgira n’iki? kuk’ uzi umusavyi wawe, Mwami Uhoraho.


nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru ah’ uba, uharire, ugire ico ukora, ugenze umuntu wese nk’ukw ameze, wewe uzi umutima wiwe, kukw ari wewe wenyene uzi imitima y’abantu bose;


Non’ ikindi jewe Dawidi nokubgira n’iki, ku vy’icubahiro ngiriwe? Kuk’ uranzi, jewe umusavyi wawe.


Kandi nawe, mwana wanje Salomo, ukwiye kumenya Imana ya so, uyisabane umutima utunganye kand’ ukunze; kuk’ Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose. Ni wamurondera uzomubona, ariko ni wamuvako, azoguheba gushitsa ibihe vyose.


Kand’ inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye. Mu vyo wakoze ivyo, wakoze ivy’ ubupfu; nuk’ uhereye ubu uzohora ubona intambara.


nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru ah’ uba, uharire, ugenze umuntu wese nk’ukw ameze, wewe uzi umutima wiwe, kukw ari wewe wenyene uzi imitima y’abantu;


Mbeg’ ufise amaso y’umubiri? Canke se urāba nk’ukw abantu barāba?


Itegereze mw ijuru urābe; Kand’ urābe iyo hejuru, ingene hagusumba.


Urazi iyicara ryanje n’īva hasi ryanje, Umenyera kure ivyo niyumvira.


Ububi bg’abanyakibi ni bushire, arikw abagororotsi ubashigikire: Kukw Imana igororoka ari yo isesa imitima n’imishaha.


I kuzimu n’amahonero bigaragarira Uhoraho, Non’ imitima y’abana b’abantu ntirushirije kumugaragarira?


Ingendo zose z’umuntu ziba izitunganye mu maso yiwe ubgiwe, Arik’ Uhoraho agera imishaha ku munzane.


Ni wavuga, ut’ Erega ntitwari tubizi: Mbeg’ Ūgera imitima ku munzane ntavyiyumvira? Kand’ Ūzigama ubugingo bgawe ntabizi? Mbega ntazokwishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze?


Akazuru gusa karahendana, n’ubgiza bgo ku rukoba nta co bumaze, Arik’ umugore yubaha Uhoraho ni we ashimwa.


Ariko, Uhoraho Nyen’ ingabo, wewe uca iziroranye, ukagerageza imishaha n’imitima, umpe kwibonera ingen’ ubīhōra: kukw ari wewe nitwayeko.


Ni jewe Uhoraho nsesa umutima, nkagerageza umushaha, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyeze.


Ariko wewe, Uhoraho Nyen’ ingabo, wewe ugerageza abagororotsi, ukitegereza imishaha n’imitima, umpe kwibonera ingen’ ubīhōra, kukw ari wewe nitwayeko.


Arababgira, ati Mwebge mugomba kwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu, arikw Imana irazi imitima yanyu: kukw igishizwe hejuru mu bantu ar’ igisesema mu nyonga z’Imana.


Ntimupfe guca imanza ku biboneka, ariko muce imanza z’ukuri.


Mwebge muca urubanza nk’abantu, jeho nta n’umwe ncira urubanza.


Barasenga, bati Mwami, ni wewe uzi imitima y’abantu bose, none werekane uwo utoranije mur’ aba bompi


Kuko bavuga, bat’ Ivyete vyiwe birahambaye, birasogōta, arikw iy’ ar’ ino, arakēngēretse, kand’ amajambo yiwe nta co amaze.


Mbega murāba ibibonwa n’amaso? Namba har’ umuntu yizigiye kw ar’ uwa Kristo, yibgire n’ibi, yuk’ ukw ar’uwa Kristo, natwe ari ko turi.


Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.


Nuko mumwēgēre, ari we buye rifise ubugingo, ryagawe n’abantu, ariko ku Mana ryaratoranijwe, riri n’igiciro,


ariko kube ukw’ umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’ igiciro kinini imbere y’Imana.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


Ntimukongere kuvuga ivy’ ubgibone murtyo, Ivy’ amanyama ntibigaturuke mu kanwa kanyu; Kuk’ Uhoraho ar’ Imana izi vyose, Ni yo igera ibikorwa vy’abantu nko ku munzane.


Kandi yar’ afise umuhungu mwiza w’umusore yitwa Sauli. Nta n’umwe mu Bisirayeli yamurusha ubgiza, kandi yasumba abantu bose, bamugera ku bitugu gusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ