Maze Yakobo aca abarira abiwe n’ abari kumwe na we bose, ati Ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga biri muri mwebge, mwihumanure, mwambare izindi mpuzu:
Maze Mpwemu aca aza kuri Amasayi, umukuru wa ba bandi mirongwitatu, aravuga, ati Tur’ abawe, Dawidi; turi ku ruhande rwawe, wewe mwene Isayi! Amahoro, amahoro abe kuri wewe, abe no ku bagutabara, kukw Imana yawe ari yo igutabara. Nuko Dawidi arabākīra, abagira abagabisha bo kugaba ibitero.
Nuk’ ukw imisi y’amazimano yabo yahera, Yobu yabatumako ngw abeze, akavyuka kare mu gatondo, agatanga ibimazi vyoswa bihwanye n’igitigiri ca bose: kuko Yobu yavuga, ati Kumbure abahungu banje bācumuye, barogota ku Mana mu mitima yabo. Uko ni ko Yobu yahora agenza ubudasiba.