Kand’ igihe nava i Padani nabonye amagorwa, Rakeli arapfa, turi mu rugendo mu gihugu c’i Kanani, twari dushigaje akarere tugashika muri Efurata; ndamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu.
Yosefu na we ava i Galilaya mu gisagara c’i Nazareti, aja i Yudaya mu gisagara ca Dawidi, citwa Betelehemu, kuko yakomotse mu nzu ya Dawidi mu muryango wiwe:
Maze Dawidi aja i Nobu kwa Ahimeleki umuherezi; Ahimeleki aza kumusanganira ahinda agashitsi; aramubaza, ati Vyagenze bite, k’uri wenyene ata waguherekeje?