Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 16:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nuko Samweli agenza nk’uk’ Uhoraho yamubgiye, aja i Betelehemu. Ashitseyo, abakuru b’igisagara baza kumusanganira, bahinda agashitsi. Baramubaza, bati Mbeg’ ugenzwa n’amahoro?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 16:4
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Rakeli arapfa, bamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu.


Kand’ igihe nava i Padani nabonye amagorwa, Rakeli arapfa, turi mu rugendo mu gihugu c’i Kanani, twari dushigaje akarere tugashika muri Efurata; ndamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu.


Uwo musi Dawidi aca aterwa ubgoba n’Uhoraho; aravuga, ati Mbeg’ isandugu y’Uhoraho vyoshoboka bite kw iza i wanje?


Nyina abarira Eliya, ati Twapfuye iki ga muntu w’Imana? Waje i wanje kwibukiriza ivyaha vyanje, no kunyicishiriza umwana?


Maze Adoniya umwana wa Hagita ashikīra Batisheba nyina wa Salomo. Batisheba aramubaza, at’ Ugenzwa n’ amahoro? Na we at’ Ego me n’ amahoro.


Maze Yoramu abonye Yehu, aramubaza, ati N’amahoro ga Yehu? Aramwishura, at’ Amahoro ki, ubusambanyi bga nyoko Yezebeli n’uburozi bgiwe bikiri ngaho ar’ isinzi?


Bazogenda bankurikira jewe Uhoraho, nivuga nk’intambge: mbere nzokwivuga, maz’ abana bazoza bahinda agashitsi, bavuye i burengerazuba.


Ni co gituma nzobatemagurisha abavugishwa nanje; nzobicisha amajambo yo mu kanwa kanje; kand’ imanza mbaciriye zizokwira hose nk’umuco.


Yosefu na we ava i Galilaya mu gisagara c’i Nazareti, aja i Yudaya mu gisagara ca Dawidi, citwa Betelehemu, kuko yakomotse mu nzu ya Dawidi mu muryango wiwe:


Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha.


Abantu bose bo mu gihugu c’Abageraseni gikikije aho baramwinginga ngw ave i wabo, kuko bāri batewe n’ubgoba bginshi. Atambukira mu bgato, asubira inyuma.


Maze Dawidi aja i Nobu kwa Ahimeleki umuherezi; Ahimeleki aza kumusanganira ahinda agashitsi; aramubaza, ati Vyagenze bite, k’uri wenyene ata waguherekeje?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ