3 Uheze uhamagare Isayi aze kur’ ico kimazi; nanje nzokwereka uk’ uzogenza; uz’ undobanurize amavuta uwo nzokurangira.
Kand’ igihe Abusalomu yava i Yerusalemu, yajanye n’abantu amajana abiri yahamagaye, bagenda ata kindi biyumvira, ata co bazi.
maze Sadoki umuherezi n’ ūvugishwa n’Imana Natani baheze bamwimikishirizey’ amavuta, abe umwami w’Abisirayeli; maze muce muvuza inzamba, mut’ Umwami Salomo n’ahangame!
Uko ni kw abashingantahe bose b’Abisirayeli bāshengereye umwami i Heburoni; nuko Dawidi asezeranira na bo isezerano imbere y’ Uhoraho i Heburoni nyene; bamwimikisha amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho riri, iryo yavugiye muri Samweli.
Nawe uzohora umubarira, ushire amajambo mu kanwa kiwe: nanje nzobana n’ akanwa kawe n’akiwe, mbigishe ivyo mukora.
ariko va hasi, ushike mu gisagara, uzobarirwa ivy’ ukwiye gukora.
at’ Ejo nka magingo aya nzokurungikira umuntu avuye mu gihugu c’Ababenyamini; uz’ umwimikishe amavuta, abe umwami w’abantu banje Abisirayeli. Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya; kuko nitegereje abantu banje, kand’ ugutaka kwabo kwanshitseko.