23 Hanyuma uko ya mpwemu mbi yarungitswe n’Imana yafata Sauli, Dawidi yahitana inanga, agacuraranga; maze Sauli akoroherwa agakira, iyo mpwemu mbi ikamuvako.
Ariko noneho nzanira umuvuzi w’inanga. Uwo muvuzi w’inanga ashitse, atanguye kuvuza, ukuboko kw’Uhoraho kuza kuri Elisa;
Maze Sauli atuma kuri Isayi, ut’ Aragusavye Dawidi ngw amugendanire, kukw amushimye.