2 Samweli arasiguza, ati Nogenda nte? Erega Sauli ni yavyumva azonyica. Uhoraho aramwishura, ati Hitana inka y’ishashi, ugende, uvuge, uti Nje gushikanira Uhoraho ikimazi.
yarambgiye ngo ndamutabare ndamurekure, ngo Kukw i wabo mur’ ico gisagara bazotanga ikimazi, ngo Kandi mukuru we yamutumyeko; ngo Kandi ni naba ndamugiriye neza, ngo Ndamurekure, aje kubonana na bakuru be. Ico ni co camubujije kuza ku meza yawe, mwami.