19 Nuko Sauli atuma intumwa kuri Isayi, uti Murungikire umuhungu wawe Dawidi, umwe aragira intama.
Nukw avayo, aragenda abona Elisa mwene Shafati, arikw ararimisha inka mirongwibiri na zine zirongōye imbere yiwe, zisangiye ingōgo ari zibiri‐zibiri, na we ari ku z’imperēra; Eliya akebereza iy’ ari, amutererak’ umutamana wiwe.
Kugira ngw amwicarikane n’ abahambaye, Abahambaye bo mu bantu biwe.
Amajambo ya Amosi wo mu bungere b’i Tekowa, y’ivyo yeretswe ku Bisirayeli ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli, avyeretswe, hashira imyaka ibiri kwa gutigita kw’isi kuraza.
Maze Samweli abaza Isayi, ati Mbeg’ abana bawe bose n’abo? Aramwishura, ati Hasigaye umuhererezi, ariko rer’ ari ku ntama. Nuko Samweli aramubarira, ati Tuma ūja kumuhamagara, kuko tutaribgicare ngo turye ataraza.
Umuhungu umwe w’umusore aramwishura, ati Nabonye umuhungu wa Isayi w’i Betelehemu, n’umucuraranzi w’umuhinga, n’ umuhizi w’inkomezi kand’ arazi kurwana, aritonda mu vyo avuga, n’umuntu w’igikundiro, kand’ Uhoraho ari kumwe na we.
Nuko Isayi yābīra indogoba, ayishirakw imitsima n’umukuza w’urusāto wuzuye vino, n’umwagazi w’impene, abirungikana umuhungu wiwe Dawidi ngw abishikanire Sauli.
Kandi Dawidi yaja agīshanya imbu, hamwe akaba kwa Sauli, ahandi akaja kuragira intama za se i Betelehemu.